Rwagiye GAGA BLUE kuzokora indirimbo nshasha na DIAMOND PLATNUMZ igihangange c'umuziki muri Africa

N'umurundi umuririmvyi GAGA BLUE ik'igihe abarizwa mugihugu ca Tanzania ahakorera ibikorwa bitandukanye vy'umuziki rero akaba yashoboye gutinyuka imbere yabatanzania y'uko agiye gukora ukwashoboye azokorane numwe mubaririmvyi baho bemera cane gose ageze kurwego rudasanzwe suwundo ngo ni Umuririmvyi DIAMOND PLATNUMZ asigaye akorana indirimbo nabasuperstar b'ivyamamare m'umuziki wo mugihugu ca America twovuga nka NE-YO ,RICK ROSS.

Gaga Blue aremeza ijana kw'ijana y'uko agiye kuzokora ukwashoboye kugira azokorane nico gihangange kidasanzwe m'umuziki wa Tanzania hamwe na Africa yose ngo bizomubera akamaro gakomeye cane mu kuguma amenyekana cane mu karere ka Africa kandi akomeza guteza imbere umuziki wiwe akora w'uburundi awumenyekanisha mpumakungu.
Diamond Platnumz
Umuririmvyi Gaga Blue aravyemeza ko azoshobora gukora indirimbo nshasha yiwe arikumwe n'umuririmvyi Diamond Platnumz mwakino gihe adasanzwe kugira  umuririmvyi uwariwe wose amushikire amusabe bakorane igikorwa ariko uno muririmvyi w'umurundi ari Tanzania wewe aravugako hamwe bokorana iyo ndirimbo arabonako izomushikana kure cane akomeze kumenyekana kurusha uko abantu bari bamuzi ngaho muri Tanzania no muri East Africa.

Aho yavuze kandi ko kubwiwe gushika ubu ariko aritegereza mundirimbo ziwe nshasha azoshobora gusohora haba uno mwaka tugiye kurangiza w'2017 cangwe umwaka w'2018 tuzotangura vuba ngo ntawundi umuririmvyi abonako bazoshobora gukorana indirimbo atari DIAMOND PLATNUMZ wenyene kubera niwe abonako azotuma ibikorwa vyiwe akora m'umuziki w'uburundi mu kwagura imbibe zawo azomushikana kurwego rukomeye.
Gaga Blue
Tubibutse y'uko Umuririmvyi Gaga Blue haheze amezi ashoboye gukorana n'umuririmvyi YOUNG DEE wo muri Tanzania mundirimbo yiwe yitwa IVO IVO aho banayikoreye Video nziza idasanzwe ikomeje gukundwa muri icogihugu asigaye arimwo kinogihe yatumye abatanzania bamumenya cane gose ikindi twobambwira n'uko Umuririmvyi Diamond Platnumz azoba abaye umuririmvyi wo muri Tanzania bakoranye indirimbo ubwakabiri.

Nkuko Umuririmvyi Gaga Blue yavyivugiye ko atagihindutse bazokorana indirimbo akamenyesha abafana biwe ko boguma bamushigikiye kuko nawe ntazobamaramaza mukuguma ahaba ibikorwa bidasanzwe aho yabemereye ko azokora ukwashoboye arondere umuririmvyi Diamond Platnumz bakorane indirimbo nshasha izoza itavyorosha mukarere ka Africa nkuko uwo mutanzania ari icamamare gikomeye m'umuziki w'ibihuhugu vya Africa yose.

IRABIRE HANO VIDEO Y'INDIRIMBO Ivo Ivo By Gaga Blue Ft Young Dee

Comments