Irabire amafoto yaranze igiteramo ca ASHLEY DIVA ngo nicangenze neza BIG FIZZO yatashe ishavu riniga

Umuririmvyikazi ASHLEY DIVA yaramaze hafi ukwezi kose amenyesha abafana biwe y'uko agiye kuzoshira kusohora Video yiwe nshasha y'indirimbo MY LEVEL kw'igenekerezo rya 08 /12/2017 akaba yaraye agikoze kuruwu wa gatanu hariya kuri STAR HOTEL i Bujumbura aho yarabiciye biracika yongera atambana n'umuririmvyi ELLY'S BOY mundirimbo Me Love U bakoranye.

Mugihe yariko Umuririmvyikazi Ashely Diva abateramisha abantu abari bahishikiye mugiteramo ciwe kuri Star Hotel kw'itariki 08/12/2017 ,yagaragaje intambo zitandukanye imbere yabo wanasanga bariko barakoma induru kubera umunezero nkuko yagaragaye munyambaro z'impuzu abarundi batamenyereye kubona abaririmvyikazi bazambaye ndetse yanashoboye nokuzambika abatavyi biwe bari bambaye kizungu nkuko muvyibonera kurayo amafoto


Igiteramo c'umuririmvyikazi ASHLEY DIVA yari yacitiriye izina ry'indirimbo yiwe My Level aho yaramutse ayishira ahabona kugira abahashitse kuri Star Hotel bashobore kuyiraba ukuri kwamye ikindi n'uko yari yatumiye abaririmvyi benshi bakora umudundo utandukanye harimwo ni ibihangange vy'umuziki w'uburundi vyarabonetseko abantu bacitabiriye aribeshi ariko rero imyidogo yabaye myinshi kuko utunenge twotwo ntitwabuze muri icogiteramo ciswe MY LEVEL.

Ahanini akagorane kahabaye kagatuma abaririmvyi nka bose bataha batanezerewe ni akanenge k'ivyuma (SONOLISATION) bivuza indirimbo vyari bitameze neza ni vyasohora amajwi meza aho vyabonetse ko kubaririmvyi nka bose kuko bari kuri stage bavayo badahejeje kuririmba kubera ivyo vyuma vyasohora amajwi avuga nabi.

Icashoboye kwibonekeza neza umwe mubihangange vy'umuziki w'uburundi akunzwe  cane anafise abafana biwe ariwe Umuririmvyi BIG FIZZO yatewe nishavu ridasanzwe gushikaho imitsi iranda m'uruhanga kumvo z'ukuntu ivyuma vyaguma bisohora amajwi nabi arikuririmba niyagaraje umunezero mwinshi mukuryohera abafana biwe bari kuri Star Hotel bamwe bagumye bibazako yoba arwaye.

Nkuko mubibona kurayo amafoto amuranga ngo kubera siko bari bamumenyereye kumubona mubiteramo akandi akanenge kahabonetse ni abantu baringaho nabonyene baguma batera ivyatsi ivyovyuma ko bobihindura kuko vyononye vyinshi.

KURIKIRANA HANO MUKURABA AYANDI AMAFOTO YARANZE IGITERAMO My Level CA ASHLEY DIVA









BIG FIZZO









Comments