Isaha 18H amasaha yi Burundi kaze uterefone kuri RADIO UMUDUNDO WACU utore /vote THE BEST ARTIST Bdi OF THE YEAR 2017

Ihiganwa rikomeye cane gose ryogutora THE BEST ARTIST Bdi OF THE YEAR mugutorera hamwe umuririmvyi canke umuririmvyikazi yakoze cane gusumba abandi muruno mwaka 2017 wose arushije abandi ubuhinga n'umwete mukwerekanako ashoboye guteza imbere umuziki w'uburundi atagucika intege.

Uko umwaka uheze twama dutanga urutonde rw'abaririmvyi n'abaririmvyikazi bahiganirwa ikibanza cambere mukuba THE BEST ARTIST OF THE YEAR 2017 bitorewe namwe abanywanyi mukunda umuziki w'uburundi kuko bababarakunejereje mubikorwa vyabo bagiye barasohora k'umugaragaro haba mugukora indirimbo cangwe ibiteramo.
Rero ihiganwa ryo gutora ( VOTE ) The Best Artist Bdi Of The Year 2017 riraza gutangura mumasha yi Burundi nikuvuga kuv'isaha cumi nazibiri ( 18H) gushika 20H  tuzagutangura kugice cakane gishira icanyuma ( QUART DE FINAL ) aho abanywanyi mwese mukunda umuziki w'uburundi muza gutora umuririmvyi canke umuririmvyikazi ubonako akwiye gufata ico kibanza.

Kugira umuhe amahirwe yokubandanya ibindi bice bibiri birimbere ingene mutora nuku bikurikira muraza kuduterefona mukoresheje WHATSAPP muguhamagara kuri RADIO UMUDUNDO WACU  numero zaterefone zacu ni +14507522485 

Kuri Radio Umudundo Wacu niho hazoba hariko harabera iryohiganwa uterefonye uraza kuvuga izina ry'umuririmvyi utoye canke umuririmvyikazi kandi gutora nirimwe ryonyene hama ubundi uburyo buza kukorohera wewe udakoresha WHATSAPP uraza kubona ifoto tuzagushira kuri Facebook UMUDUNDO WACU uraheza wandike izina ryuwo utoye muri COMMENTAIRE.

Nahonyene uzobumuhaye amahirwe adasanzwe mugushobora kuzotahukana ikibanza cambere mukuba THE BEST ARTIST OF THE YEAR ikindi nimba ushaka kumenya urutonde rwabazoba bariko barahiganwa twokubarira ngo uraguma hafi wumviriza Radio Umudundo Wacu yugurura isaha icumi ( 16H) amasaha yi Burundi kuri website yacu Umudundowacu.listen2myradio.com

Comments