Ikiganiro BAZA IKIBAZO kigiye gutangura muzohora mucumvira kuri RADIO UMUDUNDO WACU

Twagomba kubabwira abanywanyi bose bakunda umuziki w'uburundi bwacu ya Radio Umudundo Wacu ibandanya ikora ukuri kwamye ukwishoboye ivugira kuri www.umudundowacu.listen2myradio.com mu guteza imbere ibikorwa vy'abaririmvyi n'abaririmvyikazi rero tubazaniye Ikiganiro gishasha kizohora gituma mumenya vyinshi kurabo abaririmvyi n'abaririmvyikazi.

Mugihe wararondeye ingene wobabaza ibibazo bitandukanye muvyobokora m'umuziki n'ibindi vyinshi warukeneye kumenya ,ico kiganiro twacise  BAZA IKIBAZO aho tuzoza turatumira umuririmvyi canke umuririmvyikazi kwiradiyo yacu UMUDUNDO hama tuzoba twashize photo yiwe kuri facebook yacu UMUDUNDO WACU mukandika ikibazo muri COMMENTAIRE ushaka kumubaza.
Munywanyi ukundo umuziki w'uburundi bwacu uzobe uriko urumviriza Radio Umudundo Wacu kubera wewe tuzoba turikumwe ON AIRE niho azokwishura ikibazo cawe uheze uronke inyinshi nziza itomoye wamye urondera kuva kera kandi ikiganiro BAZA IKIBAZO kizohora kiba iminsi yose yagatandatu (SAMEDI ) guhera 19H - 20H30' tuzoba turikumwe n'umutumire kumurongo azobari LIVE.

Ntuzotangwe kuyaga utuntu n'utundi kuko umutumire tuzoba twatumiye ariwe umuririmvyi canke umuririmvyikazi muruwamwanya tuzoba LIVE ON AIRE

Aho uzoza uramubaza ibikorwa vyiwe yimirije gukora haba mu gusohora indirimbo nshasha cangwe ibiteramo uzoyage nawe unamubaze n'ibindi yoba akora kuruhande ntuzotangwe.
Fyonda hano wumvirize Radio Umudundo Wacu

Comments