Arisabira BIG FIZZO gutangura gukina igikino NI NDE ?vyanse kwakora umuziki w'uburundi amenyereye

Umwe mubihangange vy'abaririmvyi babarundi bageze ku ntabwe ikomeye cane mumwuga wabo bakora mugukora umuziki w'uburundi ukanashobora kubabeshaho ariwe Umuririmvyi Big Fizzo akunda kunezereza abantu benshi cane mugihe asohoye indirimbo ziwe zibashika kumutima zifise n'umudundo wakanovera hamwe ngukora ibiteramo bitandukanye ngo umwuga wose arawushoboye ati bishitse bikamwankira.

Canke vyanse kwakora umuziki w'uburundi amenyereye ntakundi azohitamwo kuwuhagarika no kudasubira kuwukora kubera bizoba vyanse umuririmvyi Big Fizzo akaba yabivuze mugihe yararikumwe numwe mubihangange bikomeye cane gose mumwuga w'igikino NI NDE ? gikundwa n'abantu benshi cane gose kandi kigakurikinwa cane haba kumaradiyo no kumboneshakure rero uwo mukinyi azwi kw'izina rya MUNYARE.
Ntiyagarukirije ngaho umuririmvyi Big Fizzo mukuvuga ngo umuziki w'uburundi ntiwamunanira bikanka pe azoca ahitamwo gutangura gukina igikino NI NDE ? kubera arabishoboye aho yanavuye atangura gusaba abarongoye ico gikino y'uko ntibonana vyanse kwakora umuziki arabasabako bomuha ikibanza ciwe gikomeye ( ROLE PRINCIPAL ) cogutangura kubafasha gukina arabizeza kwabishoboye.

Nkuko muvyumvise bantu mukunda ibikorwa akora m'umuziki w'uburundi akunze kubashikiriza indirimbo zibaryohera yabaye arabamenyesha aho ngo muzoshobora kumuguma mubandanya mukumukurirana abaryohera bishitse bikamwankira gukora umuziki nayandi muzomusanga atari mubagize umwuga w'igikino Ni Nde niyo azoba abarizwa aho yatanguye kwisabira ikibanza kimukwiye.

Akaba yanabimenyesheje aho yifotoje ifoto arikumwe n'umukinyi MUNYARE muziko nawe abaryohera mugukina ico gikino ncatumye uburundi bumenyekana mpumakungu mbega murabonako hazogera igihe umuririmvyi Big Fizzo akananirwa gukora umuziki w'uburundi agaca ahitamwo gukina NI NDE ? hoho murabibonako bizomushikira akananirwa umwuga yamenyekaniyemwo kuva agitangura gukora umuziki gushika nubu?

Comments