Ararahira akarengwa ASHLEY DIVA amwihakanye SAT-B ntibari murukundo s'umugabo wiwe

Umwaka w'2017 warugira urangire abantu benshi bakurikirana umuziki w'uburundi baziko umuririmvyikazi ASHLEY DIVA asohokona murukundo n'umuririmvyi SAT-B kubera babona uwo muririmvyikazi nuwo muririmvyi bagaragaza neza ko bari murukundo bambwira utujambo turyoshe wasanga umwe wese aposta uwundi kurubuga rwiwe rwa FACEBOOK ahandi bakemeza y'uko bakundanye nk'umugore n'umugabo bandikirana amajambo y'urukundo baryosharyoshanya bituma abafana babo batangura kubakeza kuko baravyemera 100%

Kobari murukundo rutari rwo guhendana kuko usomye amaposte yabo bandikirana kuri za facebook bakoresha yarabigaragaza ,aya niyo amajambo y'urukundo Ashely Diva yamubwira ngo
:``Mu buzima habaho imigambi myiza na mibi. Ariko vy'ukuri iyacu twasezeranye ni vyiza kurusha, hewe wikibero ndongozi nziza siniteze kukubura namba hakoze IMANA yo yakumbikiye igukura muri irya migambi ya satani.much love my satura.`` Aya  Sat-B nawe yambwira ngo :``Mwana nkunda ndazi ko ubizi ko badashaka kutubona turi kumwe !! Tuza Mwana Mwiza n'ubu ntibaravyumva nanje nta bwoba Beaucoup d'amour nyinshi saaaanaaa ``
Ni mugihe umuririmvyikazi Ashley Diva yabari mugihugu ca Kenya hama Umuririmvyi Sat-B akabari mugihugu c'uburundi bwamwibarutse uko bukeya niko bakomeza kwerekana neza kuri facebook zabo ko bakundanye ari nk'umugabo n'umugore bafata amafoto yabo bakandikaka amaposte y'amajambo yerekana neza kobari bafitaniye imigenderanire yahafi murukundo ndetse uwo muririmvyi akamuposta amubwirako ari na Queen Satura.






Umuririmvyikazi ASHLEY DIVA yahavuye ava mugacerere mukwihakana umuririmvyi SAT-B kwatanakimwe bafitaniye ntibari m'urukundo ntibasohokana s'umugore wiwe aravyemeza ijana kw'ijana akaba yagiriyeko atanga umuco kubantu bose baribafise amakenga y'uko bari murukundo bashobora nokuzobana bakaba umugore n'umugabo n'uko yarahiye akarengwa ntamigenderanire bafitaniye y'urukundo ivyo yabivuze k'umunsi wa gatanu wiyi indwi ni mugihe yaravuye mugihugu ca Kenya yamaze gushika mugihugu c'uburundi bwamwibarutse yakiriwe n'abamenyeshamakuru n'abaririmvyi bahano mu Burundi.
Baheza barakora ikiganiro bamubaza ibibazo vy'indirimbo My Level hari kuri Star Hotel mukiganiro yatanze kubantu bari ngaho bamubaza ibibazo bitandukanye icatumye aza mu Burundi kuhakorera igiteramo cogushira ahabona Video yiwe nshasha y'indirimbo My Level niho habonetse umuntu umwe aramubaza ikibazo koyoba asohokana n'umuririmvyi Sat-B bari murukundo hama ntiyatinye kumwishura arahira ararengwa mu kuvuga ngo asanzwe yifitiye uwobakundanye bari murukundo kuba amuposta ntibisigura ko bakundanye bari murukundo basohokana vy'ukuri.

Nayo kuba abantu barashoboye kubona amuposta kuri facebok amwiyitira ko bakundanye sivyo kuko barazinanye igituma babikora bagapostingana rero ngo poste nacivuze iwiwe kumuposta kuko afise uburenganzira bwo kwandika icashatse kuri facebook hama abantu bagumye bibazako kwari murukundo nuwo muririmvyi ,babimenye neza ntibakundanye ntibari murukundo arifitiye umukunzi wiwe basohokana atari Sat-B.

Comments