Abazaniye LIZZO LOLILO amasanamu meza mashasha abereye ijisho akoze Video NZOKUDIGADIGA

Igihangange mugukora umuziki w'uburundi umuririmvyi LIZZO LOLILO kuv'umwaka w'2017 utanguye gushika ubu ugomba guhera akomeza gukora neza cane gose ibikorwa vy'umuziki bishimisha abantu benshi aho yagiye arasohora indirimbo nama Video nshasha kandi bigashima abantu batari bakeya ngo imbere y'uko uno mwaka uhera hariho igikorwa gisha ariko abategurira bazoshima mugihe amaziminsi abategurira amasanamu mashasha agiye kuzosohora vuba.

Umuririmvyi Lizzo Lolilo ngo igikorwa gishasha ariko abategurira abafana biwe inyuma yukunda indirimbo yiwe  yise NZOKUDIGADIGA ikabaryohera kugeza ayamango bakomeza kuvugako ari indirimbo nziza ibaryohera kumviriza kuko irimwo amajambo menshi cane y'urukundo aryoheye amatwi kumva atibagiye umudundo yakoreshejemwo urabakora kumutima bakumvako atayindi indirimbo bokumviriza.
Aya namwe mumasanamu azoba agize Video nshasha NZOKUDIGADIGA By Lizzo Lolilo
Muramenyeshejwe mwese bafana biwe ndetse namwe abanywanyi mukunda umuziki w'uburundi akora y'uko agarutse atavyorosha kubera hariho Video yiwe nshasha y'indirimbo NZOKUDIGADIGA ngwagiye kuzoyisohora muminsi irimbere kubera amasamu yayo bisankaho yamaze kuyaheza kuyakora ni meza cane abereye ijisho arabonako izobaryohera abazoyiraba bose irimwo idogoba  ( CHEVAL ) kandi iyo Video yiwe nshasha ishobora kuzoryohera abantu benshi bazoyiraba niyayisohora.

Uno muririmvyi  Lizzo Lolilo akomeye cane muvy'umuziki w'uburundi kandi abifitiye ubuhinga budasanzwe kurubu rwaje kubereka amasanamu meza nkuko mwaryohewe ubwambere akisohora Audio y'indirimbo Nzokudigadiga hoho iyi Video yiwe nshasha ntacomuzoyigayako ahubwo muzoshima mwese bikomeye irimwo utuntu n'utundi tubereye ijisho muraziko arumuhinga muvyama Video hano mugihugu c'uburundi aza mukibanza cambere mubaririmvyi b'abarundi bakora Video.

UMVIRIZA HANO INDIRIMBO NZOKUDIGADIGA By Lizzo Lolilo


...


Ik'igihangange umuririmvyi Lolilo Lizzo aje kubica bigacika muri Video yiwe nshasha y'indirimbo "Nzokudigadiga "kuko biraboneza neza ko yayitondeye kuyikorera amasanamu meza asukuye atibagiye kurondera umukobwa mwiza yoshiramwo akayibeza amasanamu kugira abafana bi muriko murayiraba izonezere ntiyibagioye kuyikorera mubibanza bitandukanye vyiza cane bibereye ijisho kandi ni vuba cane agiye kuyishira ahabona muyirabe k'umugaragaro izuba ryaka muheze munezerwe nivyiza birimwo.

Iyo Video nshasha y'indirimbo Nzokudigadiga y'umuririmvyi Lizzo Lolilo aracariko arayibategurira neza kugira izosohoke ifise amasanamu meza akamenyesha ko ubu igize kubice 95% kugira ayishire ahabona ni kuvugako ikwijije ibice 100% niho azoca ayibereka k'umugaragaro muheze muryoherwe bafana biwe namwe abanywanyi mukunda umuziki w'uburundi mu kubanezereza mubikorwa akora vyaminsi yose m'umuziki rero ngo muyirindirane igishika cinshi iraje vuba cane irabashikira muyirabe ubwiza bwayo.

Comments