Yamaze gushika mu Rwanda BIG FIZZO yavuze ngo arashima intabwe bagezeko CHARLY na NINA

Umuririmvyi Big Fizzo asanzwe ari igihangange mugukora umuziki w'uburundi mugusohora indirimbo zifise umudundo mwiza uryoshe kumviriza zigashimwa n'abantu benshi batandukanye twobamenyesha y'uko kuruno mwanya abarizwa mugihugu kibanyi c'urwanda akaba yaraye ashitse aho ngo yajanyweyo gukora igikorwa kidasanzwe mu kunezereza abafana biwe bariyo ni mugihe kuruwu wa gatanu aho bukera itariki 01/12/2017.azoririmba indirimbo zizobaryohera.

Aho Big Fizzo azobariko arateramisha abanywanda n'abarundi mugiteramo gikomeye cane citwa IMBARAGA  c'abahanzikazi CHARLY na NINA aazoba bashize ahabona urukurikirane rw'indirimbo zabo bashize muri ALBUM nshasha bise IMBARAGA ngo kuwo munsi bizoba bishushe kubera bazobica bicike mukunezereza abantu bose bazoba bishikiye muri icogiteramo cabo co gushira k'umugaragaro ALBUM IMBARAGA nshasha aho bazoba barikumwe n'abaririmvyi bava mubihugu bitandukanye harimwo Umuririmvyi BIG FIZZO yaserukiye uburundi ngaho mu Rwanda.
Tubibutse ko Umuririmvyi Big Fizzo akomeza ashimirwa bikomeye cane gose n'abahanzikazi CHARLY na NINA ndetse n'uburongozi bwabo kubera ngo niwe yatumye bamenyekana kurusha uko bavyibaza kuko indirimbo INDORO bakoranye ariyo yamenyekanye cane mubihugu bitandukanye bigize kano karere turimwo ka Africa y'ubuseruko ( EAST AFRICA ) kandi intabwe bagezeko barayimukesha nawe arayishimira yahavuye agira ico avuga kurabo bahanzikazi mugihe yarashitse mu Rwanda.

Igihangange c'umuziki w'uburundi umuririmvyi BIG FIZZO ngo ntabwo vyoroshe gutera imbere mumyaka mikeya ugaca usohora ALBUM mugihe gitoya cane ubumaze ukora umuziki s'ibintu vyoroshe rero arashima cane bimwe bivuye kumutima intabwe bagezeko abahanzikazi CHARLY na NINA bakoranye indirimbo INDORO kuko bakorana ishaka ridasanzwe.
Nkuko bagiye kuvyerekana kumunsi w'ejo mugushira ahabona ALBUM y'indirimbo zabo bise IMBARAGA ikindi yavuze igituma ashima gusubira mugihugu c'urwanda kuhakorera igiteramo cabo nikubera intabwe bagezeko ikomeje kumushimisha n'agateka kuba bagiye gushira ahabona Album yabo yambere rero vyamushimishije kubona Chalry na Nina bamaze igihe gitoya bakora umuziki w'urwanda bageze kw'intabwe nkiyo bagiye gusohora iyo Album IMBARAGA icuro yabo yambere.

Comments