Yahora yiyemera mugutamba MISTA CHAMPAGNE ngo danse yatavye BIG FIZZO muri Video Qu'est ce qu'il ya ? yamusumbije

Ntaminsi myinshi ihaciye umuririmvyi MISTA CHAMPAGNE asohoye indirimbo yiwe nshasha yise Qu'est ce qu'il ya ? biboneka neza kwiguma igukundwa cane n'abantu benshi bakomeza kuyumviriza bigaca bimutera intege zidasanzwe aho ni mugihe yayikoranye n'umuririmvyi  BIG FIZZO kandi abafana babo baririmvyi bompi baravugako ari indirimbo nziza bayumvirije bararyoherwa cane kuko umudundo urimwo uratambika.

Ntayindi indirimbo igezweho yiwe ikunzwe kurusha izindi muri ikigihe umuririmvyi Mista Champagne  akaba yatanguye kubamenyesha abafana biwe y'uko akibandanya abanezereza kugikorwa ciza aherutse gushika k'umugaragaro mugisata ca AUDIO c'indirimbo Qu'est ce qu'il ya ? akavuga ko muminsi irimbere itarenze 4 bazoca batangura kuraba VIDEO yayo niho azoyishira k'umugaragaro kandi baza barayikoreye amasanamu meza  abereye ijisho.
Mista Champagne aravuga y'uko bazomubonamwo ari gutamba itambo zitoroshe zizobanezera ngo ntazobari wenyene ahubwo bazomubonamwo n'umuririmvyi BIG FIZZO nawe ntiyatanzwe gutambo intambo ( DANSE) batari bamenyereye kumubona atamba mugihe abazomubona bazoyishima bazonezerwa kuko yaratamvye gushika aho yemera kwamusumbije  ngo yahora yiyemera mugutamba azayabona uwasumbije muri Video nshasha y'indirimbo Qu'est ce qu'il ya ?

Mukuzana intambo atoshobora kubera yarayigerageje biramunanira nakuya yarakabize yaciye atamurongo wogutamba neza ukoyahora atamba niho ngo yageragaje guca atamba ivyashoboye arabemereye abanywanyi mukunda umuziki w'uburundi vuba muzoyibona Video yiwe nshasha y'indirimbo Qu'est ce qu'il ya ? muraguma hafi ntimuzotangwe kuyiraba muri benshi.

 Mwibuke ko umuririmvyi Mista Champagne yabahaye ikiringo c'iminsi 4 azoba ayisohoye k'umugaragaro mwirabire ingene batavyoroheje arikumwe na Big Fizzo bongera batamba intambo zizobarwa neza mu kuraba mukumvako zibaryoheye kuraba.

KWIRIKIRANA MU KURABA AMAFOTO Y'UKUNTU BARIKO BATEGURA VIDEO NSHASHA Y'INDIRIMBO Qu'est ce qu'il ya ?

Comments