Arabateguza SAT-B azobashikiriza ahabona AUDIO & VIDEO nshasha itariki 01/12/2017 ntimuzotangwe

Umuririmvyi w'igihangange m'umuziki w'uburundi benshi muzi kw'izina rya SAT-B akomeza gukora neza muruno mwaka w'2017 mu kuguma anezereza abafana biwe bakunda indirimbo ziwe no kuzikorera Video zibashimisha kuraba ubu  ngo arabamenyesha ko uno mwaka utoshobora guhera adashoboye kubereka no kubashikiriza k'umugaragaro indirimbo yiwe nshasha akaba yarabanje kuyibika imbere y'uko ayisohora k'umugaragaro.

Arabizeza bafana biwe kwizobarwa neza kumutima ni indirimbo irimwo amajambo y'urukundo nkuko yatanguye gushira ahabona amwe mumajambo azoba ayigize kandi ngo ikazosohoka ari Video nziza cane izobaryohera kuraba kuko ntanubwo yayikoreye mugihugu c'uburundi ikaba yakorewe mugihugu c'ubuganda ``UGANDA`` niho yayifatiye amasanamu mugihe yabafashwe n'umuhinyanyuzi Sasha Vyb.
Umuririmvyi Sat-B ngo nta minsi myinshi asigaje ashobore kuyiba muyirabe arabateguza mwese abanywanyi b'indirimbo ziwe nama Video kuguma hafi munaharura iminsi isigaye ayisohore aha rero ntimuzotangwe kuraba Video yiwe y'indirimbo nshasha yise `` FEEL LOVE `` ikonzwe kurwego rugezweho arabona ko izomushikana kure mumwuga wiwe akora w'umuziki w'uburundi kubera izorenga imbibe z'uburundi.

Ikindi  Sat-B yagiriyeko akomeza kubateguza abafana biwe mukubaha  ikiringo bazotangura kuyirabira amaze kuyisohora ukwezi kuza tugiye gutangura hazoba ar'itariki 01/12/2017 ni kuvuga hazoba ari k'umunsi wagatanu iyi indwi turimwo arayibemereye bazoyiraba ukuri kwamye nkuko twabibabwiye y'uko uwo muririmvyi yatanguye gushira ahabona amajambo amwe amwe y'urukundo  azobagize indirimbo yiwe nshasha `` FEEL LOVE ``
Mwibuke y'uko yayikoreye Video mugiye kuzoyiraba itariki 01/12/2017 aho azoyishira ahabona n'uko utarashobora kuyasoma utogenda utayakubiseko akajisho naya ngaha;``Naguhaye umutima wanje nsenga IMANA nayo irakumpa niwabona nkukoshereje umbabarire cane...... Kuko kwi'si nta wuri perfect  Jewe Nawe turi abantu ``

Comments